Igitutu ku mukuru wa Fifa kugira atange imihoho

Publié le par veritas

Umukuru wa Fifa Sepp Blatter amaze imyaka 17 atwara urwo rwego rwakomeje kuvugwamo ibiturire

Umukuru wa Fifa Sepp Blatter amaze imyaka 17 atwara urwo rwego rwakomeje kuvugwamo ibiturire

Umukuru w'urwego rujejwe umupira w'amaguru kw'isi FIFA, Sepp Blatter, yagirishije inama yihuta mu gihe ariko igitutu kinini kugira atange imihoho kubera ibiturire bivugwa muri urwo rwego inyuma y'aho benshi mu bo bakorana bafatiwe ku wa gatatu.
 
Umukuru w'urwego Uefa rujejwe umupira ku mugabane wa Bulaya Michel Platini na ministre wa mbere w'Ubwongereza David Cameron basavye ko Blatter yotanga imihoho ariko umukuru w'Uburusiya Vladmir Putin yashigikiye ko Blatter yokwitoza kurongora Fifa ubugira gatanu.
 
Ariko Blatter avuga ko ata mugambi afise wo gutanga imihoho, nk'uko BBC yabimenye. Amatora y'umukuru mushasha wa Fifa azoba kuri uyu wa gatanu nk'uko vyari bisanzwe bitegekanijwe. Kandi Uefa yari yavuze ko itazoyitaba ubu yemeye ko izoyajamwo.
 
Ibigo n'amakompanyi bisanzwe bikorana na Fifa vyashikirije amakenga inyuma y'ayo matohoza abiri yuguruwe kuri uyu wa gatatu, rimwe rya Leta zunze Ubumwe za Amerika irindi ry'Ubusuisse.
 
Ariko Blatter ntari mu bantu 14 bagirijwe na Amerika ku wa gatatu gufumbatishwa, kwemera ibiturire hamwe no kuronka amafaranga y'inkomoko mbi.
 
BBC-Gahuza
Pour être informé des derniers articles, inscrivez vous :
Commenter cet article
C
Vous les occidentaux, il ne faut plus attaquer les pays pauvres.c'est plus grave qu'on protege les .voleurs occidentaux sans les avoir mis en prison.Nous savonsf pour quoi ce Poutine veut proteger ce Bratter .<br /> Dieu soit louè..<br /> .
Répondre